Ivyari ku rutonde rw’isabukuru "Buja sans Tabou" vyose vyarakozwe

Isabukuru Buja sans tabou yarimaze iminsi iriko ibera mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura, yaraye isozewe n’igiteramo c’agakura ca kozwe n’umurwi wa Lion Story.

Isabukuru yari yateguwe n’umurwi ukina « théâtre » « La troupe lampyre » urongowe na Freddy Sabimbona yaraye isozerewe inyuma y’iminsi 4 iriko ibera mu kigo c’Abafaransa « IFB », kuri Sabemeli,kuri Buj’Art no mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge « CJK ». Iyo sabukuru yasozerewe n’igiteramo cakozwe n’umurwi wa Lion Story wari usanzwe uri ku rutonde rw’imirwi yari itegekanijwe gufasha muri iyo sabukuru yabaye iya mbere mu Burundi.

Lion story, mu mudiho wa Reggae, indirimbo zitanga iciyumviro kirashe batarya umunwa mu kuvuga ibitagenda neza, bongera berekeza ku ciyumviro nyamukuru c’isabukuru « Buja sans tabou », babigiriye kuri Sabemeli kuri uwo w’Imana w’igenekerezo rya 09 Ruhuhuma 2014.

Visitez le lien